Tanzania : Ukuriye abatavuga rumwe na leta ‘yafunzwe’ muri Zanzibar

 

Yanditswe na Rwandayacu.com

Maalim Seif, umukuru w’ishyaka ACT Wazalendo utavuga rumwe na Leta mu kirwa cya  Zanzibar yahagaritswe nk’uko bivugwa n’ishyaka rye

Inkuru dukesha BBC ivuga ko Maalim Seif yafashwe n’abapolisi uyu musi mu gitondo ku biro by’itora bya Garagara, bikaba byinubiwe n’abatavuga rumwe na Leta.

Amatora mu kirwa cya  Zanzibar yatanguye uyu munsi mu gihe muri Tanzania  atangira ejo kuwa gatatu.

Polisi ariko yo ivuga ko nta nkuru gifite yerekeye ifatwa ry’uyo munya politike.

Inkuru z’ibitangazamakuru byo muri iki kirwa zivuga ko Awadh Juma Hajj uyoboye  polisi mu mugi wa  Magharibi, yavuze ko nta nkuru n’imwe arabona yerekeye ifatwa ry’uwo mutegetsi.

Wazalendo utavuga rumwe na Leta mu kirwa cya  Zanzibar yahagaritswe nk’uko bivugwa n’ishyaka rye.

Inkuru zivuga ko umuhanda ujya ahabera amatora wafunzwe, kandi hakaba harimo guterwa imyotsi iumanya kugira ngo ikumire abantu

Nk’uko biri mw’itangazo rya ACT Wazalendo ku rubuga rwawo rwa Twitter, Maalim Seif yafashwe n’abashinzwe  umutekano igihe yari ku biro by’itora vya Garagara.

Kuri uyu wa mbere, akanama gashinzwe gutegura amatora muri Zanzibar kamenyesheje ko abapolisi n’abahagarikiye amatora ari bo bazaba bemerwe  gutora ku musi wa mbere w’ayo matora ejo kuwa gatatu.

Kavuze ko iyo ngingo ari iyo guha umwanya abo bakozi bakunze kugira ingorane zo gutora.

Umukuru w’akanama gashinzwe  gutegura amatora mu mirwa cya  Zanzibar, ZEC, Hamid Mahmod yatangaje abitabirira amatora uyu munsi

Yagize ati: “Abazatora ku musi wa mbere n’aba bakurikira: abahagarariye amatora n’ababafasha muri iki gikorwa,ku biro by’amatora, abapolisi, intumwa z’abashinzwe  gutegura amatora n’abanyagihugu bashinzwe igikorwa cyo gucunga umutekano mu bihe by’amatora”.

 

Tambuka Twitter ubutumwa, 1

ALERT 🚨: Maalim Seif Akamatwa

Mgombea Urais wa @ACTZanzibar, ambaye pia ni Mwenyekiti wa Taifa wa @ACTwazalendo, Maalim @SeifSharifHamad amekamatwa muda huu na Vyombo vya Dola wakati akiwa katika Kituo cha Kupigia Kura cha Garagara. Taarifa zaidi zitawajia#ZanzibarLivesMatter pic.twitter.com/sO1j57IurR

— ACT Wazalendo (@ACTwazalendo) October 27, 2020

Impera ya Twitter ubutumwa, 1

Mahmod yavuze ashimitse ko abanyagihugu babujijwe kujya ku tuzu tw’amatora keretse abari ku rutonde rumanitswe ku tuzu tw’amatora bafite uburenganzira bwo gutora ku musi wa mbere.

Bivugwa ko ishyaka ritavuga rumwe na Leta ACT Wazalengo wa Maalim Seif werekanye amakenga ku buryo  ayo matora y’ibanze yateguwe.

Hagati aho, ushinzwe  kumenyeshama amakuru mu ishyaka  ACT Wazalendo avuga ko abantu batatu bishwe barashwe na Polisi  mu kirwa cya  Pemba.

Uwungirije Polisi muri iki kirwa abeshyuza avuga ko bari gukoresha imyuka ihuma amaso kugira ngo batatanye abigaragambya badakoresha amasasu

 

Imbuga nkoranyambaga na zo zafunzwe

Abakoresha imbuga nkoranyambaga  muri Tanzania bavuga ko bafite ingorane zo gukoresha internete mu gihe amatora asigaje umusi umwe.

Ibyo bibaye inyuma y’aho akanama k’igihugu gashinzwe  gutunganya amatora kavuze ko inkuru z’ibinyoma ziri guhanahanwa ku mbuga nkoranyambaga

Ubu, benshi mu bakoresha izo mbuga ntibashobora kujya kuri Twitter, bakaba  kuri ubu bari gukoresha ikoranabuhanga rizwi nka “VPN” .

Kigogo, umwe mu bantu bazwi cyane kuri Twitter yanditse agira ati: “Uko bigaragara, Leta ya Tanzania yafunze  Twitter haba kw’isi ya Tanzania no mu kirwa cya  Zanzibar,turi mu bihe bitoroshye”

Inkuru rwandayacu ikesha BBC.

 1,377 total views,  2 views today