Tanzania : Ukuriye abatavuga rumwe na leta ‘yafunzwe’ muri Zanzibar
Yanditswe na Rwandayacu.com
Maalim Seif, umukuru w’ishyaka ACT Wazalendo utavuga rumwe na Leta mu kirwa cya Zanzibar yahagaritswe nk’uko bivugwa n’ishyaka rye
Inkuru dukesha BBC ivuga ko Maalim Seif yafashwe n’abapolisi uyu musi mu gitondo ku biro by’itora bya Garagara, bikaba byinubiwe n’abatavuga rumwe na Leta.
Amatora mu kirwa cya Zanzibar yatanguye uyu munsi mu gihe muri Tanzania atangira ejo kuwa gatatu.
Polisi ariko yo ivuga ko nta nkuru gifite yerekeye ifatwa ry’uyo munya politike.
Inkuru z’ibitangazamakuru byo muri iki kirwa zivuga ko Awadh Juma Hajj uyoboye polisi mu mugi wa Magharibi, yavuze ko nta nkuru n’imwe arabona yerekeye ifatwa ry’uwo mutegetsi.
Wazalendo utavuga rumwe na Leta mu kirwa cya Zanzibar yahagaritswe nk’uko bivugwa n’ishyaka rye.
Inkuru zivuga ko umuhanda ujya ahabera amatora wafunzwe, kandi hakaba harimo guterwa imyotsi iumanya kugira ngo ikumire abantu
Nk’uko biri mw’itangazo rya ACT Wazalendo ku rubuga rwawo rwa Twitter, Maalim Seif yafashwe n’abashinzwe umutekano igihe yari ku biro by’itora vya Garagara.
Kuri uyu wa mbere, akanama gashinzwe gutegura amatora muri Zanzibar kamenyesheje ko abapolisi n’abahagarikiye amatora ari bo bazaba bemerwe gutora ku musi wa mbere w’ayo matora ejo kuwa gatatu.
Kavuze ko iyo ngingo ari iyo guha umwanya abo bakozi bakunze kugira ingorane zo gutora.
Umukuru w’akanama gashinzwe gutegura amatora mu mirwa cya Zanzibar, ZEC, Hamid Mahmod yatangaje abitabirira amatora uyu munsi
Yagize ati: “Abazatora ku musi wa mbere n’aba bakurikira: abahagarariye amatora n’ababafasha muri iki gikorwa,ku biro by’amatora, abapolisi, intumwa z’abashinzwe gutegura amatora n’abanyagihugu bashinzwe igikorwa cyo gucunga umutekano mu bihe by’amatora”.
ALERT 🚨: Maalim Seif Akamatwa
Mgombea Urais wa @ACTZanzibar, ambaye pia ni Mwenyekiti wa Taifa wa @ACTwazalendo, Maalim @SeifSharifHamad amekamatwa muda huu na Vyombo vya Dola wakati akiwa katika Kituo cha Kupigia Kura cha Garagara. Taarifa zaidi zitawajia#ZanzibarLivesMatter pic.twitter.com/sO1j57IurR
— ACT Wazalendo (@ACTwazalendo) October 27, 2020
Impera ya Twitter ubutumwa, 1
Mahmod yavuze ashimitse ko abanyagihugu babujijwe kujya ku tuzu tw’amatora keretse abari ku rutonde rumanitswe ku tuzu tw’amatora bafite uburenganzira bwo gutora ku musi wa mbere.
Bivugwa ko ishyaka ritavuga rumwe na Leta ACT Wazalengo wa Maalim Seif werekanye amakenga ku buryo ayo matora y’ibanze yateguwe.
Hagati aho, ushinzwe kumenyeshama amakuru mu ishyaka ACT Wazalendo avuga ko abantu batatu bishwe barashwe na Polisi mu kirwa cya Pemba.
Uwungirije Polisi muri iki kirwa abeshyuza avuga ko bari gukoresha imyuka ihuma amaso kugira ngo batatanye abigaragambya badakoresha amasasu
Imbuga nkoranyambaga na zo zafunzwe
Abakoresha imbuga nkoranyambaga muri Tanzania bavuga ko bafite ingorane zo gukoresha internete mu gihe amatora asigaje umusi umwe.
Ibyo bibaye inyuma y’aho akanama k’igihugu gashinzwe gutunganya amatora kavuze ko inkuru z’ibinyoma ziri guhanahanwa ku mbuga nkoranyambaga
Ubu, benshi mu bakoresha izo mbuga ntibashobora kujya kuri Twitter, bakaba kuri ubu bari gukoresha ikoranabuhanga rizwi nka “VPN” .
Kigogo, umwe mu bantu bazwi cyane kuri Twitter yanditse agira ati: “Uko bigaragara, Leta ya Tanzania yafunze Twitter haba kw’isi ya Tanzania no mu kirwa cya Zanzibar,turi mu bihe bitoroshye”
Inkuru rwandayacu ikesha BBC.
1,377 total views, 2 views today